jui
07
2015

Abantu 6 biciwe ku Mutakura kw'igenekerezo rya mbere mukakaro bashinguwe.

Abantu batari bake bari baje guherekeza abo bahisi. Ibirori vyatangujwe n'imisa yasohotse mu gihe c'isaha zine. Abo bantu bari bipfuje gukora urugendo rurerure bagaca imbere y'inyubakwa y'umugambwe CNDD-FDD ariko ntivyabakundiye. Igipolisi cabahanuye kudahaca, mu gukinga intureka zashobora kwaduka.
Abo bantu bakaba bishwe n'igipolisi aho cahavuye kimenyesha ko ari inkozi z'ikibi, mu gifaransa cise "assaillants", mu nyuma cerekana ibirwanisho vyinshi cafashe aho abo bantu biciwe. muri abo harimwo, umuryango wa Pantleon Hakizimana n'abana biwe babiri n'umkozi wabo wo munzu. Ababa ngaho ku Mutakura bakaba bavyamiriye kure.

kurikira uko vyari vyifashe muri ako kanya.

Pacifique Cubahiro, Infos grands lacs.

Langues: 
Genre journalistique: 
Thématiques: 

Partager