juin
25
2015

Abanyeshure ba kaminuza y’Uburundi bahungiye muri ambassade y’abanyamerika.

Mu masaha indwi niho haza imodoka z’igipolisi zigana abanyeshure ba kaminuza y’Uburundi bamaze amezi abiri bacumbitse hafi ya ambassade ya Amerika. Abanyeshure bakaba babimenye kare, abacungereye inyubakwa y’ubuserukizi bwa Amerika niho bahavuye bugururira abo banyeshure
, bongera baratangira imodoka z’igipolisi gushika aho abanyeshure bose binjira. Igipolisi cahavuye gitwara ico cose basanze aho abo banyeshure bari basanzwe bari. Ivyo bibaye inyuma yaho bari bategujwe kuva muri ico kibanza mu masaha 24.

Uyu n’umunyeshure wa kaminuza y’Uburundi yiga mu gisata c’indimi za Afrika, yari hagufi yaho vyabereye.

Pacifique Cubahiro, pour Infos Grands Lacs.

Langues: 
Genre journalistique: 
Thématiques: 

Partager