fév
08
2016

Bujumbura : Abantu umunani harimwo abana babiri n’umusirikare nibo bamenyekanye ko bishwe

Kuva mu mpera z’indwi iheze ; abantu umunani harimwo abana babiri n’umusirikare umwe nibo bamenyekanye ko bishwe ku mugwa mukuru w’u Burundi.

Abantu bane biciwe mu kirabo bariko barivuna akanyota muri zone ya Musaga mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura. Abajejwe intwaro bemeza ko ata mvo za politike ziri inyuma y’ubwo bwicanyi.

Uwu mukenyezi n’umwe mu bategetsi bo ku nzego z’ibanze muri zone ya Musaga.

Turetse aho mu buamanuko , no mu buraruko hari igitero c’abantu bitwaje ama grenades bateye muri zone ya Kinama mu bunywero nyene zihitana umwana umwe.

Murako gace ka Bujumbura, abajejwe intwaro bamenyesha ko ico gitero gifatiye ku mvo za politike.

Ariko basaba abanyagihugu kutinubana n’ukudatwarira hejeru ngo bihanire.

Vincent Ngendakumana, umukuru wa Karitiye Bubanza iri muri zone kinama ahatewe ayo ma grenades atatu mw’ijoro ryo ku wa gatandatu rishira uw’Imana.

Eloge Willy Kaneza

Langues: 
Thématiques: 

Partager