juin
03
2015

Burundi : CENI yakiriye amabaruwa y’ubwegure bw’abantu babiri

Umugwi ushinzwe amatora mu Burundi CENI wemeye ku mugaragaro ko hari abadamu bababiri bakoraga muri CENI beguye ku mirimo yabo; umukuru w’uyu murwi Pierre Claver NDAYICARIYE yabwiye Isango Star (radio yo mu Rwanda) ko amabaruwa y’ubwegure bw’aba bakozi yageze mu biro bye. Naho yemera ko bigoye gukomeza akazi ari bake, Pierre Claver Ndayicariye avuga ko ata kizobuza amatora kuba. Akavuga rero ko vyihutirwa gusubiriza abo bamaze kwegura.

Inkuru ya Pierre Claver Niyonkuru, Isango Star, itanzwe na Adeline Umutoni, Infos Grands Lacs

Langues: 
Thématiques: 
Durée: 
00:02:22

Partager