fév
19
2016

Bururi : Ubukene bw’igitoro bwasubiye kwibonekeza

Ubukene bw’igitoro ca essence na mazout bwasubiye kwibonekeza ku murwa mukuru w’intara ya Bururi. Kuva kuruyu wa mbere, nta gitoro kiri kuri station n’imwe mu ziri ku murwa mukuru w’iyo ntara. Ugikeneye aja kukigurira mu ntara ya Rumonge canke mu ntara ya Makamba, abandi nabo bakagura igitoro ca magendo ku giciro c’umurengera. Abagendesha amapikipiki hamwe n’abiyunguruza bagasaba yuko ico gitoro coboneka.

I Bururi, ni inkuru ya Zénon Nzambimana. 

Langues: 
Genre journalistique: 
Thématiques: 

Partager