jui
20
2015

Ibiganiro hagati ya leta y'u Burundi n'abatavuga rumwe na yo bisa n'ibitazogira ico bishitseko

Ibiganiro vyari bimaze indwi hagati ya leta y’u Burundi n'abatavuga rumwe na yo i Bujumbura vyarasubitswe kuruyu wa Mungu ataco bishitseko.
Uruhande rwa leta rwaranse ataco bimaze kubandanya ivyo biganiro, mu gihe rukibona ko abo batavuga rumwe nubu bakibandanya gutegura gutembagaza ubutegetsi. Nimugihe ikibazo cari kigezweko kwari ugushirako ikirangaminsi gishasha c’amatora.
Umuhuza, umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Uganda, yavuze ko leta yamwishuye ko ifise ibindi bintu vyinshi vyo gukora harimwo kuja mu misa.
Uyu muhuza akavuga ko yabonye ugushaka guke ku ruhande rwa leka, aca ahitamwo gusubika ibiganiro. Yaciye mbere asubira iwabo muri Uganda.
Ni mu gihe kuri uyu wa kabiri hategekanijwe amatora y’umukuru w’igihugu. Umugwi CENI uvuga ko ibikenewe vyose kugira amatora abe bihari. Ariko imigambwe itavuga rumwe na leta ivuga ko itazitaba aya matora.
Uwahoze atwara uburundi , Sylvestre Ntibantunganya , abona ko aya matora ata rukiza azozanira igihugu.

Langues: 
Genre journalistique: 
Thématiques: 

Partager