jui
21
2015

Ibiganiro ku bayobozi b'inzego z'ibanze ku bijanye n'itegeko ry'uguhabwa amakuru

Kuri uyu wa kabiri abayobozi bo mu karere ka Rwamagana bateranye n’ab’ibigo biharanira ubwisanzure n’iterambere ry'itangazamakuru mu Rwanda nk'Inama Nkuru y'Itangazamakuru (MHC, Media High Council) n'Urwego rw'abanyamakuru bigenzura (RMC, Rwanda Media Commission). Iyo nama ikaba yari iyo kurebera hamwe aho ishirwa mu ngiro ry'itegeko rijyanye n'uburenganzira bw'abanyagihugu n'abamenyeshamakuru mu guhabwa amakuru rigeze.
Ibi bakaba babikoze ku bufatanye na Institut Panos Grands Lacs (IPGL).
Abdoul Karim Uwizeyimana , arongoye akarere ka Rwamagana , avuga ko abamenyeshamakuru badafatwa gusa nk'abafatanyabikorwa, ahubwo ko ari n'ijisho ry'abayobozi n'abanyagihugu. Bityo ngo bari bakwiye guhabwa agaciro n'abayobozi, bagahabwa amakuru uko bayasabye.
Abdoul Karim akavuga kandi ko iyo nama yagize akamaro kanini cane ku bayobozi ba Rwamagana kubera ko ngo abenshi ata bumenyi bari bafise kuri iryo tegeko.

Inkuru ya Adeline Umutoni

Langues: 
Genre journalistique: 
Durée: 
00:03:04

Partager