jui
28
2015

Ubukungu bw'u Burundi ngo burageramiwe.

OBR.jpg

OBR

Ikigo kijejwe gutoza amafaranga ya leta OBR kivuga ko u Burundi bumaze guhomba amafaranga agera muri miliyari 40 mu yari kwinjira mu kigega ca leta mu mezi atatu aheze. Ivyo ngo bikaba vyaratewe n’imvururu za politike zakiranze kuva mu mpera z’ukwezi kwa 4, kuko n’imirimo y’ubucuruzi n’ishoramari yahungabanye.
Abahinga mu vy’ubutunzi bavuga ko, uretse imigambi ya leta itazokorwa, ngo hashobora no kuba ubukene bukomeye gushika aho abakozi ba leta bashobora no kudahembwa kanatsinda ko ngo n’amakungu yahagaritse gutanga imfashanyo zayo. Aho nimugihe ibice birenga 50% vy’amafranga leta y’uburundi ikoresha ava mumfashanyo mvamakungu.

Inkuru ya Pierre Claver Niyonkuru wa Radio Isango Star

Langues: 
Genre journalistique: 
Thématiques: 
Durée: 
00:02:24

Partager