mai
13
2016

Umutekano warahungabanye mu makomine ya Buyengero na Mugamba

Umutekano warahungabanye mu makomine ya Buyengero na Mugamba mw’ijoro ryo kuruyu wa gatatu. Umudandaza w’inka  umwe yarishwe  arashwe, umwana wiwe arakomereka.  Hari mu gitero c’abantu bitwaje inkoho cabereye ku mutumba Mutobo ni mu Mugamba mu ntara ya Bururi nk’isaha zitatu z’ijoro ryakeye. Abakoze ico gitero ntawabamenye, ico bikora ngo boba bari 6 harimwo uwambaye gisirikare. Abasirikare batabajwe bashitse akaba kabaye, abo bateye baza bagiye bivye amafaranga agera ku bihumbi 560 mu marundi na terefone ngendanwa 2.

Hafi yaho naho ku mutumba Mujigo muri komine Buyengero mu ntara ya Rumonge, abantu 6 bafise inkoho harimwo babiri 1 yambaye gipolisi uwundi gisirikare, bateye umudandaza wundi w’inka nka satanu z’ijoro ryakeye. Uyu we ntibamwishe ariko bamwivye amafaranga ibihumbi 120 y’amarundi baca bigira ata camira bakubise yinarugo yariko arondera gukoma akaruru ko gutabaza nk’uko musitanteri wa buyengero abivuga bikemezwa n’igipolisi mu Rumonge.

Abanyagihugu bo muri ivyo bice barara ntibuca, bagasaba gukingirwa. Ni mu gihe hari haheze imisi ibiri hishwe abantu  batatu muri komine Burambi ihana imbibe n’izo zibiri za mbere.  

Jean Pierre Misago 

Langues: 
Genre journalistique: 
Thématiques: 

Partager